urifuza kutumenya
 
 
urifuza kutumenya
 
Kuva muri munyonyo 1990, Idea Bank Inc, yabaye ihuriro ry’abaminuje mu vyiyumviro bishasha (abatora ibintu bitari bwaboneke); abaruhariwe mu gutunganya imiganbi hamwe n’abanyamitahe bunganira ishirwa mu ngiro ry’iyo migambi.
 
Kaminuza mu vyiyumviro bishasha - ni abantu batomora ingorane bakagirako bagatora ivyiyumviro vyofasha gutora umuti: abashakashatsi, abatora ibintu bitari bwamenyekane, abafise umutwe uvyara ivyiyumviro ata handi vyabonetse
 
Abajejwe ibikorwa - abantu barangura ivyateguwe:ba nyene amashirahamwe, abubatsi, abayobozi.
 
Abatanga uburyo - abantu batanga ibikenewe ngo bashigikire: abanyamitahe, abatanga ibintu bikenewe
 
Turi urunani rw’abaminuje mu vyiyumviro bishasha, abashinze amahirahamwe hamwe n’abanyamitahe. Dufise ihangiro rimwe: gushira mu ngiro imigambi ifise intumbero yo gutorera umuti ingorane rusangi. Inguvu zacu tuzishira cane cane ku bijanye n’amagara y’abantu, ibidukikije hamwe n’uguhana amakuru.
 
Dufise umurwi w’abahinga mu vyerekeye amashirahamwe, batunganya ibijanye n’abantu, ubuhinga hamwe n’uburyo. Izo nguvu zigiye hamwe zitanga ivyiyumviro bitari bwaboneke na hamwe.
 
Uwo murwi ugizwe n’abaganga, abashingwamanza, abatohozi karuhariwe, abazi gukora ubwonko, intatangwa mu vyiyumviro bishasha, abanonosoye ivyerekeye amafaranga hamwe n’amashiramwe. Turemeza yuko isi ihanzwe n’ingorane zisa.,Igitandukanye ni ingene izo ngorane zitorerwa umuti. Kugira umuti uboneke kuri bose, dutegerezwa guhuza abihebeye kwiyumvira, abanonosoye gushira mu ngiro imigambi hamwe n’abatanga uburyo.
 
 • Muri Munyonyo 1990, Jay Godsall yaragendeye igihugu ca Madagascar, ahura n’umuganga Nat Quansah yari yihebeye kwiga ingorane zifatiye ku mashamba ashushe yo muri Madagascar aguma atongorwa n’umucanwa, bigatuma ishingiro ry’ubumenyi bushimikiye ku miti buyoka.

Jay yahakuye iciyumviro co gushinga ihuriro ry’ivyiyumviro, rihuza abavuzi kavukire hamwe n’abaganga, bagire ururanani aho ivyiyumviro vyabo bizotezwa imbere bigacika ubumenyi bwabo bwite. Avuye muri Madagascar, Jay yaciye ashinga ishirahamwe – Idea Bank.
 
• Kuva ico gihe, Idea Bank, imaze kurangura bimwe bishimishije imigambi irenga 25 - cane cane mu bijanye n’amagara y’abantu, ibidukikije hamwe no guhana amakuru.
 
• Mu 2002, Idea Bank, yatanguye kwihatira ku buhinga bwo kwiga uduhimba tw’ibintu dutoyi dushoboka “nanotechnologie” n’ingene bushirwa mu ngiro mu bijanye n’ingwara zandukira, inganda zitanga amakuru hamwe n’amasoko ntanga nguvu akoresha imishwarara y’izuba.

• Mu 2003, Idea Bank yabaye ishimikiro ryo gutanguza Fio Corporation, ishirahamwe rizokora ivyuma ngendanwa bifatiye ku buhinga bwo kwiga uduhimba tw’ibintu dutoyi dushoboka “nanotechonologie” vyunganira mu gutohoza no mu gushira mu mirwi ingwara zandukira.

• Mu gihe co kunonosora ingene ayo mashirahamwe yoshingwa, Idea Bank, itangaza inkuru ziri ku rushi. Haba ku cibare c’inkuru zacu mw’isi canke ibindi vyibare vy’inkuru bifitaniye isano, haguma ukwo hari hameze canke hakaba agacerere gushika dushoboye kwerekana ivyo twashitseko.
 
© Idea Bank Inc. 2007
kirundi