ibikorwa bituranga

ideabank-header2

Idea Bank ni urunani ruhuza abantu: dufise ubumenyi bwo guhuza abantu, ubuhinga n’uburyo bikavyara imigambi.

Ibikorwa vyacu bigabuyemwo imice ine: ivyuma ngendanwa vyo gupima ingwara, ubuhinga bwa internet, ibigendajuru hamwe n’ibibanza.

Ivyuma ngendanwa vyo gupima ingwara
Uruganda rujejwe ubuhinga bw’ivyuma ngendanwa rwitwa FIO. Ibiro bikuru vyabo biri Toronto muri Canada. Fio ihingura ivyuma ngendanwa, bashobora gutwara mu minwe, bihurirwamwo n’ubuhinga bwiga uduhimba dutoyi dushoboka “nonotechonologie”, ubuhinga bwiga uduhimba dutoyi tw’ibinyabuzima “biotechnologie” hamwe n’ubuhinga bwo guhana amakuru “technologie d’information”. Ivyo vyuma bizoba bishobora gutohoza ingwara zandukira nyinshi muri rimwe kandi mu kanya gato. Gutyo, hazoba habonetse umuti w’isoko nyamukuru ry’urupfu, ingwara n’itandukanywa ry’ubutunzi mw’isi nzima. Igikorwa ca Idea Bank iri kumwe na Fio, ni ukumenyekanisha iryo zina hamwe n’urunani rukwiye hose rw’abahinga – intatangwa mu vyiyumviro, abajejwe ibikorwa, abatanga uburyo- inganda z’ubuhinga n’ibice bishushe birwiriyemwo imigera.

Icibare c’inkuru ku buhinga bwa Internet
Icibare c’inkuru gikoresha ubuhinga bwa Internet, kigizwe kugira haboneke urunani rw’intatangwa mu vyiyumviro, abaruhariwe mu gushira mu ngiro imigambi hamwe n’abatanga uburyo, bashobore gutomora ingorane, gushinga ivyiyumviro, gutorera umuti izo ngorane n’ukuringaniza ingene vyoshirwa mu ngiro.
Umugambi w’intangamarara ni Mazava Network- ishira inguvu ku ngwara zandukira, ufadikanije na Fio. Mazava Network ni igice gitoyi c’umugambi munini w’icibare c’inkuru gikoresha ubuhinga bwa Internet, gihuza abashinga amashirahamwe, intatangwa mu vyiyumviro hamwe na ba nyene imitahe.

Ikigendajuru
Idea bank iriko irakora indege irimwo ibice vyinshi, igizwe n’igice c’indege nka kajugujugu canke izindi ndege ziremurutse, izofasha mu kwunguruza abantu n’ibintu no mugutumanako amakuru.
Umugambi ntangamarara ni Media. Ihangiro ni ugushobora kwunguruza abantu n’ibintu mu bice indege, kajugujugu, ibiduga binini, indarayi canke ubwato bidashika canke bizimvye cane kugira babikoreshe.

Ibibanza
Idea Bank iriko irashinga irya n’ino ibibanza bizohuza intatangwa mu vyiyumviro, abakaruhariwe mu gushira mu ngiro imigambi hamwe n’abafise imitahe, aho bohurira, bagakorana hanyuma bakadandaza ivyiyumviro vyabo.