urifuza kutumenya

ideabank-header

Kuva muri munyonyo 1990, Idea Bank Inc, yabaye ihuriro ry’abaminuje mu vyiyumviro bishasha (abatora ibintu bitari bwaboneke); abaruhariwe mu gutunganya imiganbi hamwe n’abanyamitahe bunganira ishirwa mu ngiro ry’iyo migambi.

Kaminuza mu vyiyumviro bishasha - ni abantu batomora ingorane bakagirako bagatora ivyiyumviro vyofasha gutora umuti: abashakashatsi, abatora ibintu bitari bwamenyekane, abafise umutwe uvyara ivyiyumviro ata handi vyabonetse
Abajejwe ibikorwa - abantu barangura ivyateguwe:ba nyene amashirahamwe, abubatsi, abayobozi.
Abatanga uburyo - abantu batanga ibikenewe ngo bashigikire: abanyamitahe, abatanga ibintu bikenewe

Turi urunani rw’abaminuje mu vyiyumviro bishasha, abashinze amahirahamwe hamwe n’abanyamitahe. Dufise ihangiro rimwe: gushira mu ngiro imigambi ifise intumbero yo gutorera umuti ingorane rusangi. Inguvu zacu tuzishira cane cane ku bijanye n’amagara y’abantu, ibidukikije hamwe n’uguhana amakuru.

Dufise umurwi w’abahinga mu vyerekeye amashirahamwe, batunganya ibijanye n’abantu, ubuhinga hamwe n’uburyo. Izo nguvu zigiye hamwe zitanga ivyiyumviro bitari bwaboneke na hamwe.

Uwo murwi ugizwe n’abaganga, abashingwamanza, abatohozi karuhariwe, abazi gukora ubwonko, intatangwa mu vyiyumviro bishasha, abanonosoye ivyerekeye amafaranga hamwe n’amashiramwe. Turemeza yuko isi ihanzwe n’ingorane zisa.,Igitandukanye ni ingene izo ngorane zitorerwa umuti. Kugira umuti uboneke kuri bose, dutegerezwa guhuza abihebeye kwiyumvira, abanonosoye gushira mu ngiro imigambi hamwe n’abatanga uburyo.