kahise

madagascar

  • Muri Munyonyo 1990, Jay Godsall yaragendeye igihugu ca Madagascar, ahura n’umuganga Dr. Nat Quansah yari yihebeye kwiga ingorane zifatiye ku mashamba ashushe yo muri Madagascar aguma atongorwa n’umucanwa, bigatuma ishingiro ry’ubumenyi bushimikiye ku miti buyoka. Jay yahakuye iciyumviro co gushinga ihuriro ry’ivyiyumviro, rihuza abavuzi kavukire hamwe n’abaganga, bagire ururanani aho ivyiyumviro vyabo bizotezwa imbere bigacika ubumenyi bwabo bwite. Avuye muri Madagascar, Jay yaciye ashinga ishirahamwe – Idea Bank.
  • Kuva ico gihe, Idea Bank, imaze kurangura bimwe bishimishije imigambi irenga 25 – cane cane mu bijanye n’amagara y’abantu, ibidukikije hamwe no guhana amakuru.
  • Mu 2002, Idea Bank, yatanguye kwihatira ku buhinga bwo kwiga uduhimba tw’ibintu dutoyi dushoboka “nanotechnologie” n’ingene bushirwa mu ngiro mu bijanye n’ingwara zandukira, inganda zitanga amakuru hamwe n’amasoko ntanga nguvu akoresha imishwarara y’izuba.
  • Mu 2003, Idea Bank yabaye ishimikiro ryo gutanguza Fio Corporation, ishirahamwe rizokora ivyuma ngendanwa bifatiye ku buhinga bwo kwiga uduhimba tw’ibintu dutoyi dushoboka “nanotechonologie” vyunganira mu gutohoza no mu gushira mu mirwi ingwara zandukira.
  • Mu gihe co kunonosora ingene ayo mashirahamwe yoshingwa, Idea Bank, itangaza inkuru ziri ku rushi. Haba ku cibare c’inkuru zacu mw’isi canke ibindi vyibare vy’inkuru bifitaniye isano, haguma ukwo hari hameze canke hakaba agacerere gushika dushoboye kwerekana ivyo twashitseko.